English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Igihe c'isaha zibiri z'ijoro, naje mbona abantu baje bantumbera bafise inkoho n'imipanga. Bavuga ngo barondera jewe, Ntiranyibagira Paul. Ndababonye, ndiruka, nabo banyiruka inyuma, ndiruka gushika ku rugo kwa varisito muri kartier ya Ruyigi. Aranyinjiza iwe."
Makangira Varisito, Sindimwo Yozefu na Ntiranyibagira Paul (Ibikurikira.)

Yozefu: Uko niko yankijije, iyo hataba we nba narapfuye. Mfise abana cumi, nk'ubu bose baba barapfuye canke babaye imfuvyi. Ukubaho kwanje ndagukesha uyu mushingantahe Makangira yagize umutima, w'ikigongwe, kugira mbeho, mbe ntunze umuryango gushika uno musi.

Paul: Mu mwaka wa 1993, igihe umukuru w'igihugu Melchiori Ndadaye agandaguriwe, naba muri kartier ya Muyinga, kurya kabiri. Mu gihe c'isha zibiri z'ijoro, naje mbona abantu baza bantumbera bafise inkoho n'imipanga.bavuga ngo barondera jewe Ntiranyibagira Paul. Ndababonye, ndiruka, nabo banyiruka inyuma. Ndiruka gushika ku rugo kwa varisito muri kartier ya Ruyigi. Aranyakira, anyinjiza mu nzu iwe. Barandondera hose, ntibantora. Baca baraza ku rugo iwe, baramubaza bati: "nta Paul yigeze yinjira hano?"

Varisito: Barambaza bati: "Hoba hari umuntu yigeze yinjira ngaho?" Nti "eka!" Bakaguma bashaka kwinjira ngo barondere mu nzu. nca nsokorora umupanaga wanje nti: "uwuhirahira ngo yinjire hano mu nzu turihurira!"

Nabo bati: "ni wewe ukinyegeza abatutsi?"

Nti "kubera iki ubibajije?" Bambwira ko bazi neza ko Paul yinyegeje aho mu nzu, kandi ko bazonyica nibasanga abatutsi nanyegeje. Ndababwira ngo nibibandanirize, ntawuri hano.

Paul: Ararahira ko ntigeze ninjira mu nzu iwe.bamusaba ko bokwinjira gusaka mu nzu, arabankira, afata umupanga wiwe nkuko yabivuze. Yavuze ko babanza kumwica imbere yuko binjira mu nzu iwe. Mu nyuma baraheba baragenda.bavuye kwa Varisito, baraheza baragaruka no hanyuma, ararahira ararengwa yuko ata muntu numwe yigeze yinjira mu nzu. Baguma mu micungararo kugeza isaha zine z'ijoro, munyuma barabiheba, baragenda.

Muri ico gihe cose, nari ninyegeje musi y'igitanda. Aca araza ambwira ngo nindamuherekeze. Kuri zone bari bamenyereye kumubona. Aramperekeza, kugera dushike ku rubibe rwa Kinama na Cibitoke. Nca ngenda kwa datawacu kurya gatanu. Niho nagumye kugeza ubu. Ndashima cane kubona uyu mutama yarankijije. Iyo ataba we, mba narapfuye.
 



© Burundi Voices Project, 2006.