English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Abo Dushimira
 
 
 

Studio Ijambo,rimwe mu mashami y’ishirahamwe Search for Common Ground, yamye irata ubutwari bw’inkingi z’ubuntu kuva mu mwaka wa 1999. Mugenzi wanje Bahari Maziari asanzwe ari umuhinga mu gutegura ibiganiro vy’amasanamu, yaronse agafashanyo ka Prince Claus Fund, kugira ashobore gutegura ikiganiro cerekeye urugendo rw’abavuzi b’ingoma mu gihugu cose mu ntumbero yo gukeza inkingi z’ubuntu. Maziari amaze kumbarira ivyerekeye uwo mugambi, naciye mpagarika ivyo narimwo, nca ndamusanga i Bujumbura ngo tubifashanyemwo.

Maziari yarafashe amasanamu yongera arabaza ibibazo inkingi z’ubuntu. Jewe narafashe amafoto, nongera ndandika ndanatunganya kino cegeranyo co mu buhinga bwa internet. Mu Barundi twafashanije kubikora harimwo Ntibareha Gladys na Nkeshimana Tatiano basobanuye bongera bafata amajwi mu kubaza ibibazo. Kabera Tharcisse na Bironkwa Celestin nibo badufashije mu kutwunguruza mu miduga.

Icegeranyo co mu rurimi rw’ikirundi mu buhinga bwa internet cagizwe na Ntibareha Gladys.

Iyo hataba ugufashanya mu bikorwa no kwitanga kwabo, nta kintu twari gushikako na kimwe, hari n’abandi Bantu bitanze bishimishije, eka n’amashirahamwe, abo bose turabashimiye bivuye ku mutima:

Slachuijlder Lena, Marks John, n’abakozi bose ba Search for Common Ground na Studio Ijambo.

Ntawe Richari n’abavuzi b’ingoma bo mu murwi Ruciteme.

Baranshakaje Antime n’abavuzi b’ingoma bo mu Gishora.

...Na cane cane abo bose nka Barankitse Maragarita, Ndabaniwe Evariste, n’izindi nkingi zose zagaragaje ubutwari, bigatera intege abandi.

Davidi Shem-Tov
 



© Burundi Voices Project, 2006.